kirundi

Ihohoterwa rifatiye ku gitsina ritumye yirukanwa burundu mu muryango w’abihebeye Imana

Uwahoze ari cardinal muri Ekleziya Katolika yirukanywe burundu, inyuma y’ukwagirwa n’icaha c’ihohoterwa rifatiye ku gitsina.

Theodore Mccarrick w’imyaka 88 y’amavuko, abaye umurongozi mukuru wa mbere yirukanywe burundu muri ekleziya katolika, mu myaka irenga 100 iheze. Uwo akaba yagirijwe ihohoterwa rifatiye ku gitsina yakoze haraheze imyaka yababa 50.

Uwo mutama yabaye musenyeri mukuru wa Washington Dc kuva  mu mwaka wa 2001 gushika muri 2006, yagirijwe ivyo mu gihe yaheruka gutanga imihoho mu mwaka uheze wa 2018, naho nyene akabayarabaye uwa mbere abikoze kuva mu myaka 1920.

Mccarrick ivyo yagirizwa, akaba abandanya abihakana kuko we avuga ko  atibuka igihe vyabere, ariko abamwagiriza bo bakaba batari bake kuko hari n’abavuga ko yabahohoteye bakuze.

Aho ni mu gihe abenshi mu bamwagiriza barimwo n’abana b’abahungu bavuga ko yabahohoteye bakiri mw’isemenari kwiga ivy’ubupatiri, aho ngo hakaba hari ku nkengera z’ibahari muri New Jersey.

S’abo gusa kuko ngo igihe yari umupatiri I New York, uwo mutama ngo yaranakubaguye anafata ku nguvu umwana w’umuyabaga, aho aho hari mu mwaka w’1970.

Theodore akaba abaye umwe ahanywe, mu gihe urutonde rw’abagize uwo muryango w’abihebeye Imana bagirizwa ivyo vyaha ari rurerure cane. Ivyo bihano igisagara ceranda Vatican kivuga ko ari ntabanduka bifashwe mu gihe hariko hategurwa inama rukokoma izobera muri ico gisagara, aho hazokwirwa uburyo hogwanywa ikubagurwa ry’abana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 456