homepage

Ihunga rya Diamond Platnumz yerekeza muri Kenya, kuri bamwe ngo ryatanguye

Amafaranga Atari make niyo Diamond ariko ashaka gushora mu gihugu ca Kenya, arimwo ayo kwubaka inzu muri ico gihugu hamwe n’ugutanguza WCB Wasafi muri ico gihugu.

Diamond Platnumz yatanguye kwubaka inzu mu gihugu ca Kenya nkuko tubikesha ikinyamakuru Nairobinews. Ico kinyamakuru kikavuga ko uwo muririmvyi yavuze ko azoshira ahabona Vuba cane ishirahamwe rizoba ririko rirubaka iyo nzu yiwe.

Ayo makuru avuga ko uwo muririmvyi ngo yatanguye kwubaka inzu muri ico gihugu kubera ubugeni yimirije muri ico gihugu ca Kenya nkuko yabimenyesheje ku rubuga rwiwe Instagram mu misi iheze. Kikongerako ko uwo muririmvyi avuga ko anabikora kuko Kenya ari nko muhira ha kabiri.

Diamond akaba hampande yo kwubaka inzu muri ico gihugu ngo mu misi ya Vuba hagiye gutangura WCB Wasafi mu gihugu ca Kenya naho nyene, akaba avuga ko agiye gushira ahabona abaririmvyi ba 1 Bazokorana na WCB.

Ishorwa ry’amafaranga Atari make muri ico gihugu ca Kenya bamwe bakaba babona ko yoba ari imwe mu nzira z’ugushaka kwimukira mu gihugu ca Kenya aho uwo muririmvyi ngo yoba afise abakunzi b’ibikorwa vyiwe batari bake, kugira ahunge igisata kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania kumugeze ku gikanu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686