kirundi_entertainment

Ijambo rya Mutima ritumye Vichou amuririmba

Hari kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2022, kuri stade Intwari ibirori vyari vyitabiriwe n’abategetsi batandukanye barongowe na Nyene icubahiro Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye .

Hari mu ntumbero yo kw’igisha urwaruka kw’iteza imbere mu migambi itandukanye.

Mutima le comédien ni umurwi wiwe bari batumiwe guteramisha abaraho bose baragaragaje umunezero udasanzwe narirya mu bikino vya Mutima ushobora gutwenga kandi ukanahakura impanuro.

Yarangije asaba ko zina Murundi wese gukura amaboko mu muzu akiteza imbere,
ntiyibagiye kuvuga akababaro k’abaririmvyi naba comédien ko bogarukirwa bagasubira gukora ibiteramo.

Umukuru w’igihugu yarumvise ugutakamba kwiwe arabaremesha ko Ikiza ca Corona Kiriko kiragabanuka bobandanya bavyifatamwo neza ata nkeka nabo bazotezurirwa.

Iryo jambo rya Mutima ryashimwe n’abaririmvyi n’aba comédien nka bose hakaba nabo vyanse ko bavyigumizamo barabigaragaza mu nyandiko bamukeza kwari Umugabo w’ijambo ya baserukiye neza
Vichou Love wewe yaduhaye isango igenekerezo 7 Ruhuhuma 2022 azoshira ahabona indirimbo i mushimira neza.
Mutima le comédien n’abandi baririmvyi
Twizere Ko nabo vuba bagiye kubukura mu cibo inyuma y’igihe kitari gito badakora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037