BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Ikibanza ca mbere ngo kiracafiswe na Sat-B

Bizimana Aboubakar Karume benshi muzi nka Sat-B, umwuga yahisemwo uriko uratanga ivyamwa inyuma y’imyaka irenga 13 muri uwo mwuga.

Inyuma y’imyaka 8 yuguruye urubuga rwiwe rwa YouTube, Sat-b yahawe agashimwe na YouTube, agashimwe gahabwa abamaze kurenza ababakurikirana 100,000.

Sat-b akaba abaye uwa 1 mu baririmvyi b’abarundi abashije kuronswa ako gashimwe, ariko kandi akaba ari uwa mbere mu baririmvyi b’abarundi afise abamukurikirana benshi cane hano iwacu.

Sat-b ubu akaba ageze ku barenga 128,000 bamukurikirana kuri urwo rubuga rwiwe rwa Youtube.

Indirimbo ya nyuma yakoranye na Otile ikaba yamuhaye abatari bake, ubona ko iyo ndirimbo iriko irababa umuliyoni w’ama Views kuva ishirwa ahabona.

Hampande y’iyo hakaba hanitezwe indirimbo nshasha ya Sat-b ngo izosohoka vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717