IKIRUNDI_news

Ikinyamakuru ca Bantu Bwoy kigiye gushingwa

Hari uwigeze kugira ati batabikoze tuzovyikorera, muri Bantu Bwoy nabo bagiye gutanguza ikinyamakuru cabo ciswe Bantu Bwoy Magazine.

Ikinyamakuru gishasha kigiye kuboneka mu misi ya Vuba n’ico muri Bantu bwoy nkuko Iyo Label yavyerekanye ku rubuga rwabo rwa Instagram, bikanasangizwa kuri Whatsapp ya Manager wa bantu Bwoy ariwe Kimana Edith Stein asanzwe ari n’umutambukanyi wa Big Fizzo.

Ico kinyamakuru kizoba candikwa, ica mbere kizosohoka kikaba kizoba kivuga kuri Big Fizzo ubwiwe ari nawe yatanguje iyo nzu ifasha abaririmvyi. Naho hatamenyekanye vyukuri ryari kizosohorwa co kimwe n’abakozi bazogikoramwo, n’uburyo kizoba kiboneka, nimba kizoba Ari ic’ubuntu canke Ari ikizogurishwa.

Nta kinini barabivugako, ariko ivyo bikaba bije inyuma yaho uwo muririmvyi Mugani Desire avugiye ko Imana ibikunze kwugurura insamirizi n’imboneshakure biri mu migami yiwe ya hafi.

Mukibuka ko Big Fizzo ari mu baririmvyi bamye bavugira hejuru ko uno musi umuziki w’uburundi uzingamitswe n’abatari bake batawushigikira mu kuvuza indirimbo z’abanyamahanga mu gihe na hano iwacu indirimbo zo kuvuza zihari. Ubwo rero tukizera ko izoba Ari inyishu y’ivyo bibazo bimaze igihe vyidogerwa n’abaririmvyi batari bake.

Mwomenya ko uwo muririmvyi atariwe wenyene afise uwo mugambi, ariko n’abandi baririmvyi nka Natacha Ngendabanka nawe yigeze kuvuga ko afise umugambi wo kwugurura ikinyamakuru. S’abo gusa kuko muri kano karere abaririmvyi bakomakomeye batari bake bafise ibinyamakuru vyabo bamaze kwugurura, aho ni nka Diamond muri Tanzania, Bruce Melodie mu Rwanda, Chameleon Muri Uganda n’abandi batari bake muri Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037