Burundikirundi

Imbwa n’utuyabu vy’aba sirimu b’i Bujumbura navyo vyarahawe urucanco

Nubwo hari benshi batazi akamaro k’imbwa, aborozi bazo bo babona Ko ata kindi gikoko zosubirizwa.

Ngo imbwa ni umugenzi adahemukira sebuja ,Ku bahigi hoho niyo ibagaburira, umutekano mu ngo zororerwamwo nizo ziwicungira, nayo Ku bakunzi bo Kw’inonora imitsi ngo zibabera abigisha zikabaha n’ingoga.

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe n’aborozi b’imbwa mu gisagara ca Bujumbura, aho hakaba hari mw’isekeza ryo kuzikingira indwara y’ibisazi.

 

Umwe mu bana b’aborozi b’igitungwa c’imbwa mu gisagara ca Bujumbura

Ico gikorwa cabereye muri zone ya Rohero iri mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 28 Ku kibanza gikoreramwo abaganga b’abahinga bitaho ibitungwa bibana n’abantu ABMVAC.
Aba nyabujumbura bakaba baritabiriye urwo rucanco mu kuzana ibitungwa vyabo, bakaba batagarukiye mu kuzana imbwa gusa ahubwo n’utuyabu ntitwasizwe inyuma baratucandaze.

Muganga Gérard Niyonsaba umugenduzi ku rwego rw’igihugu araba Ko ibitungwa bimeze neza, kugira Haze n’imiti imeze neza , yamenyesheje Ko abantu batari bake babitura bariwe n’imbwa, ari nayo mpamvu urwo rucanco yemeza ko ari ngirakamaro mu ntumbero yo gukingira abantu.
Dr Gérard Niyonsaba yari yaserutse mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi mu gihe kw’igenekerezo rya 28 bari basanzwe bahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe igitungwa c’imbwa.
Muganga Gérard akaba yamenyesheje Ko imiti yo gucandaga imbwa n’utuyabu ihari mu gisata kijejwe ubworozi mu bushikiranganji.

Mwomenya ko urwo rucanco rwatanzwe mu ntara za Kirundo,Gitega na Bujumbura bikorwa n’ishirahamwe ry’abaganga b’abahinga bitaho ibikoko bigendana n’abantu ABMVAC Ku bufatanye na…

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499