CooperationAyagezwehoDiplomacyhomepageIKIRUNDI_news

Imigenderanire y’Uburundi n’ubumwe bwa Buraya igiye gusubira kuba myiza

Imigenderanire y’Uburundi n’ubumwe bwa Buraya igiye gusubira kuba myiza Inyuma y’igihe kitari gito iyo mice ibiri irabana ay’ingwe.

Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 8 Ruhuhuma umwaka w’2022, Ubumwe bwa Buraya bwikubise agashi buramenyesha ko bugiye gukura ibihano bwari bumaze imyaka irenge itanu bwari bwafatiye Uburundi.

Abicishije ku rubuga rwa “Twitter”, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro yamenyesheje ko yanezerejwe no kwumva ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rishikirije ko rigiye guhagarika ibihano bwari bumaze igihe kitari gito bwarafatiye Uburundi.

Mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya basigura ko bafashe ingingo yo guhagarika ivyo bihano bari bafatiye Uburundi kuko babona amahoro n’umutekano vyifashe neza mu Burundi kuva mu mwaka w’2020 habaye amatora y’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye.

Mwomenya ko iryo shirahamwe ryari ryafatiye ibihano Uburundi kuva mu mwaka w’2016 bivanye n’ibihe vya poritike bitoroshe Uburundi bwarimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691