BurundiDevelopmentEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Imiriyoni 4 z’amafaranga y’amarundi nizo bategerezwa kuriha Regideso

Abo ni abantu bafashwe n’ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu banyagihugu Regideso bari bamaze imisi barinyonyeza.

Turi muri karitiye Gikungu Rural muri zone Gihosha, komine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura aho hari abantu bafise ama konteri y’umuyagankuba bahawe n’ishirahamwe Regideso bagiye bararahurira ababanyi babo baba muri cellule Gacaca badafise umuyagankuba bakoresheje uburyo butemewe n’amategeko.

Abakora mw’ishirahamwe Regideso basanze abo bantu batanze uwo muyagankuba kuri abo babanyi babo bakoresheje intsinga zisanzwe aho ikonteri imwe ishobora kurahurira ingo zirenga 35 urugo rumwe rumwe rugaheza rukariha nyene kuruhereza uwo muyagankuba amafaranga ibihumbi 7 ku kwezi, ivyo bigatuma iyo konteri idaheza ngo iharure neza umuyagankuba uba uriko urakoreshwa bigatuma n’ama “transformateurs” aca ahagirira ikibazo.

Abafashwe muri ubwo bunyonyezi bw’umuyagankuba bakaba bategerezwa kuzoriha iryo shirahamwe Regideso amafaranga angana n’imiriyoni 4 z’amafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722