IKIRUNDI_news

Impamvu y’ibura rya Sat-b n’abiwe muri Festival de l’independance yamenyekanye

Ibura ry’umuririmvyi Aboubakar karume n’abiwe muri Festival de l’independence n’uko Bantu Bwoy yagize ubwoba bw’ukutakirirwa ubutumire, na rirya ubutumire buvuye muri Bantu Bwoy buja muri Empire Avenue atari irya mbere bwirengagizwa.

Ivyo CEO wa Bantu Bwoy, Mugani Desire akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyamakuru mu gihe bariko bashira ahabona integuro y’iryo sabukuru rizoba ku ma genekerezo ya 2-3-4/7 mu bibanza 2, Jardin Public hamwe n’ikibanza citiriwe ukwikukira.

“ Umuntu unamutumira no muri Mariage yawe mu cubahiro, ntuze. Mugabo nukuri kw’Imana, twebwe wanashaka twarabiyumviriye, mugabo twaratinye bivanye n’ubutumire bwa mbere twabatumiye ntibahaseruke.”

Ivyo uwo mutware akaba yabishikirije bije bikurikira ivyo yaheruka gushikiriza kuri Live yiwe ku rubuga rwa Instagram aho yamenyesha ko yiteguye gukorana na Sat-b indirimbo mu gihe yoba avyipfuza. Ariko uwo mwanditsi w’urukurikirane Legendary akaba yerekanye ko uwotera intambwe ya mbere ari Sat-b ubwiwe.

Mwomenya ko indirimbo ya nyuma iheruka guhuriramwo abo baririmvyi uko ari babiri ari indirimbo WEZERE ya Sat-b yakorewe mu cahoze ari inzu y’ubuhinyanyuzi African Sound, ikorwa n’umuhinyanyuzi w’umunyarwanda Pastor P.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037