IKIRUNDI_news

Impari ni zose ku cuka kibi urugendo Diamond rwoba rwarateye mu migenderanire ya Zari n’umukunzi wiwe

Iboneka rya Diamond muhira kwa Zari muri Afrika y’epfo aho yari yajanywe muri ico gihugu n’itegura ry’indirimbo zitari nke zizoja mu rukurikirane ariko arakora, vyoba vyarahungaanije umugabo mushasha wa Zari? Ico nico kibazo aheruka kubazwa Zari mu kiyago yagiranye na Wasafi Tv,ashika muri Tanzania aho ajanywe n’ibikorwa bitari vyiwe bwite. 

Muri ico kiganiro, uwo muvyeyi w’abana 5, yavuze ko abantu bakwiye kumenya ko Diamond atigeze arara muri iyo nzu, kandi ko n’umugabo barikumwe mu rukundo nayo atayiraramwo. S’ico gusa, Zari yanamenyesheje ko Diamond yahaja gusa aruko agiye kuraba, canke bagiye gusangira imfungura z’abari mu mafungo, kuko batari bafise uwubatekera.

Ku kibazo c’uko abo bagabo babiri bigeze bahurira muri iyo nzu n’umusi n’umwe, Zari yashikirije ko ata na rimwe bahahuriye. Ivyo akabivuga afatiye kuko uwo barikumwe ubuyatahuye neza ko abana bari bakeneye se kuko babonana gake.

Ku kibazo c’uko kuba Diamond yari yagiye muri South Afrika ataco vyoba vyarahungabanije mu migenderanire yiwe n’uwo barikumwe mu rukundo, Zari yavuze ko ataco vyahungabanije, kuko barabiyaze hakiri kare, amubwira ko ari se w’abana azobagendera.

Nayo ku kibazo c’ikibanza yashikiyemwo muri Tanzania, Zari yishuye ko ashobora gushikira haba muhira kwa Diamond canke akaja mwi hotel, ngo hose nta kibazo na kimwe hamutera. Aho akaba yongeyeko ko Diamond ata kibazo na kimwe vyigera bimutera ashikiye iwe, kuko ari muhira iwabo n’abana biwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037