IKIRUNDI_news

Impari zarabishwa kuri Sat-b na bamwe mu biwe, zoba zigiye gucureha?

Agacerere kadasanzwe niko karanze ishirwa ahabona ry’amasanamu y’indirimbo Sat-b afitanye n’umuririmvyi w’umunya Kenya, Bahati. Ako gacerere ariko karanzwe n’ico bamwe bokwita ububeshi, ku bandi Buzz, ariko ku ruhande rwa Empire ari agacerere kuko basa n’abatagize vyinsi bavuga ku bimenyetso abantu batabashije kwegeranya ngo batahure ikiri inyuma yavyo vyose. 

Ivy’iyo ndirimbo vyatanguwe n’ishirwa ahabona ry’urukurikirane rw’indirimbo za Bahati, izo zabonetsemwo iyo yakoranye na Sat-b. Iyo ndirimbo ikaba yagiye yifata neza ku mbuga nka BoomPlay zigurisha umuziki, gushika aho abafana b’uwo muvyeyi w’abana 3 bayifata nk’indirimbo ya mbere iririmbwemwo umurundi ihagaze neza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, haciye hasohoka amashusho yerekana Sat-b mu modoka iri mu bwoko bwa Infinity, ivyacanze abatari bake, kuko haciye hatangura impari hagati y’abafana z’ukumenya nimba afise ubushobozi bwo kuyigura. Bitaranacureha, humvikana ko ahubwo itari iyiwe, ngo yayigabiye umukunzi wiwe, ariko vyari bizwi ko batakirikumwe mu rukundo, ahubwo ngo bakorana muvy’umuziki gusa, ho amajambo aba menshi, mbaye umunyarwenya w’umunyaTanzania, Facebook na Instagram zarahagaze mu masaha makeya kubera Sat-b.

Muri iyi misi 2 iheze, abantu bari bagize imisi mu mpari z’ukumenya nimba Mugani Desire Festival de l’independence yateguye yarashoboye kuvyifatamwo neza, ugereranije n’izindi zari zigize imisi ziba n’ubu zikibandanya, aba asohoye amashusho n’amasanamu yiwe arikumwe na Belle 9ice yiyambariye twa duhuzu two musi tuboneka cane ku mazi, aho yasa n’uwugabisha abantu ko hari gishasha kiri mu nzira.

Kuri uyu wa 3, niho abantu bamwe baravye neza noneho bafatanya ivyo vyose batahura ko kumbe ivyari bigize imisi bivugwa, bikagwaza umutwe abatari bake, abandi bakabibona nk’ubusazi, yari integuro y’umuzo mwiza w’indirimbo Sweet Darling Sat-b yafashijemwo umuririmvyi Bahati wo muri Kenya. Iyo ndirimbo mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, ikaba yari imaze gukwiza abantu 100,000 ivyo ku Barundi bikorerwa akayashu kakabira.

Umuntu yokwibaza nimba impari zari zigize imisi zishobora kuba zigiye gucureha, canke ahubwo hagiye kwaduka izindi zifatiye kuri iyo ndirimbo, ubona ko abarundi ngo basiba kurima ariko badasiba kuvuga.

Mwomenya ko iyo ndirimbo isohokeye rimwe n’umusi uwo muririmvyi akwirije bantu 100,000 ku rubuga rwa Instagram, ibiharuro bifise abarundi baharurwa ku ntoke kuri urwo rubuga rubandanya ruhurumbirwa n’abarundi batari bake muri ino misi, baba abari ngaha co kimwe n’abari hanze y’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037