homepage

Impunzi z’abarundi zarirengagijwe zihabwa intica ntikize

Ibura ry’uburyo muri uno mwaka wa 2018, ryatumye impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bibanyi ngo zigabanirirzwa ivyankenerwa bituma babaho buri musi. Abarundi ngo bakaba bari mu birengangijwe cane muri uyo mwaka.

imiliyoni 296 z’amafaranga y’abanyamerika niyo UNHCR ikeneye kugira ibashe gufasha impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bibanyi zingana n’345,000. Ivyo bikaba biheruka gushikiriza mu nama yabereye i Geneve, aho baganira n”abafatanyabikorwa babo.

Nkuko urubuga rujejwe gutanga amakuru rwa HCR rubishikiriza, ngo impunzi z’abarundi zarafashwe munenerwe muri uno mwaka wa 2018, abo bakaba baharurwa mu batabashije gushigikirwa bihagije.

Iryo bura ry’uburyo rikaba ryaratumye ubuzima bw’abarundi bari mu makambi y’impunzi, butifata neza. Bakaba babonye amafunguro agabanuka-Ration-,ibura ary’ayandi mashure, ibura ry’imiti n’ibindi bitari bike vyahindutse. Naho hari hashizwemwo inguvu zitari nke.

Abana ngo bakaba aribo bahanzwe cane n’ibibazo, ubona ko ngo bangana n’igice c’impunzi zahunze igihugu. Abenshi muribo ngo bakaba bahunze batarikumwe n’abavyeyi babo, abo ngo mu bihugu bahungiyemwo bakaba bahura n’ibibazo bitari bike, birimwo ikubagurwa rifatiye ku gitsina rikorerwa abigeme n’abagore.

20 kwi 100 b’abana bageze kuja mu mashure y’isumbuye, ngo nibo babashije kuronka uko biga. Kugira babashe kwiyongera ngo hakenewe ibitari bike birimwo abigisha, ibikoresho. Muri Tanzania nkuko ayo makuru abandanya abivuga ngo amashure aruzuye gushika aho abana bamwe bigira hanze musi y’ibiti.
Naho biruko muri ico gihugu kiri mu buseruko bw’Uburundi ngo ibindi bihugu birimwo Congo, Urwanda na Uganda vyarorohereje impunzi. ubu impunzi zikaba zishobora kuronka ubuzi kandi zikanashobora gushinga amashirahamwe -Entreprise-, ibibasfaha kugira babashe kuronka uburyo bwo gufungura bwisununuye.

Impunzi z’abarundi zirenga 57, 000 ngo zarahutse mu gihugu kuva hagati mu mwaka wa 2017. Bamwe bakavuga ko batahutse kugira babashe gusanga ababo, abandi bo bakavuga ko bahisemwo gutaha kuko ubuzima mu bihugu vyabakiriye butaborohereza. Hampande yaho ico kinyamakuru kikavuga ko abashika 300 nabo babandanya guhunga igihugu buri kwezi.

Iryo shirahamwe rikaba ritera akamo amakungu ngo rinyarutse kandi rinagwize uburyo bwo gufasha izo mpunzi kugira ubuzima bwisununure. Aho ni mu gihe mu mwaka wa 2018, 35% y’ayari yasabwe ariyo yabonetse, ayari yasabwe akaba yari imiliyoni 391 y’amafaranga y’abanyamerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686