IKIRUNDI_news

Imvura yoba igiye kugwira abafana, canke turacari mu gicugu mu bwami bwa Big Fizzo

Agahengwe koba kagiye kuboneka? Canke noneho Impari zigiye kuba nyinshi gusumba izahora zihari? Ivyo n’ibibazo umuntu aca yibaza inyuma y’ukubona ibikorwa bitandukanye Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo aheruak gukora aho abarizwa muri Tanzania.

Mu misi iheze akigenda abantu bariko bidoga cane ko uwo muririmvyi bakunda asa nkaho ari mu gacerer ataco ariko arabereka, bamwe bo bakaba banavuga ko basa nkaho baterwa n’isoni ryo kwitwa Umufana wiwe.

Big Fizzo muri iyi misi ibiri canke itatu iheze, yahinduye isura abantu bahora bamubonako. Uhereye ku rugendo yagize kwa Jux umwe mu baririmvyi bakunzwe, kandi bemewe muri Tanzania, vyanavuzwe ko bafitanye indirimbo, mbere bikananuganugwa ko bashobora kuba barakoranye indirimbo muri urwo rugendo nkuko ikinyamakuru SNS co muri Tanzania cabishikirije aho kivuga ko ikibanza Big Fizzo yabonetse afatiramwo amasanamu yari Studio iri muhira kwa Jux.

Ikindi cabonetse kuri Big Fizzo ni uburyo yabonetse ashira ahabona ishusho ry’uburyo akurwa mu rugo aho asanzwe aba muri Tanzania, noneho agatwarwa mu kibanza baba bari bukoreramwo uwo musi, aho aboneka yunguruzwa n’imodoka iri mu bwoko bwa Land Cruiser V8, iri mu modoka zubashwe cane kw’isi.

Ikindi catumye uwo muririmvyi ashirako akaburungu kw’ihinduka ry’uburyo abantu bariko bamubona, n’amashusho yashize ahabona arikumwe na Sky asanzwe ari umurongozi wa SNS akaba kandi n’umumenyeshamakuru w’ico kinyamakuru gikorera muri Tanzania. Ico kinyamakuru akaba yakoranye ikiganiro nabo, bishoboka ko kiri bunasohotse uno musi, aho yanagiriyeko abashimira kuba bamuhaye akaryo ko gutumirwa.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe abantu baguma bamwidogera ko adakorana n’abaririmvyi bakomeye muri kano karere, mu gihe babona ko ariyo nzira izotuma uwo muririmvyi abasha gushika kure cane gusumba. Ariko akaba yamenyesha ko yipfuza gukorana indirimbo n’umuririmvyi bazofashanya kumenyekanisha iyo ndirimbo, atari uwuzomutana ibikorwa kuko yishakira amafaranga gusa.

Mwomenya ko mu bintu duheruka kubona muri ino misi nuko umuririmvyi Big Fizzo asa n’uwijukiye gukora cane imbuga nguruanabumenyi asanzwe akoresha nka Instagram, Facebook na Likee aho aboneka ashirako amashusho atari make, mu gihe bizwi ko ari mu baririmvyi bakoresha izo mbuga gake gashoboka, kuko avuga ko we ashima kudapfa gushirako, ariko ngo ashima gushirako ivyubaka gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037