homepageUncategorized

Inama rukokoma ya Dicobu ukwezi kumwe imbere y’uko aba Diaspora baza, igamije iki?

Hano mu gihugu cacu twabamenye cane mu mwaka uheze igihe batunganya igiteramo kidasanzwe cari citiwe Diaspora Homme Comming 2022, nk’ishirahamwe ry’abarundi barangurira imirimo yabo Ku mugabane wa America Dicobu, igiteramo cakurikiwe n ‘itangwa ry’ibikoresho vy’ishuri Ku bana ba ntaho nikora i Nyanza lac.

Kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika 17 Ruheshi 2023 muri PHOENIX hariko habera ikoraniro ridasanzwe ry’indongozi nkuru za Dicobu .
Abatumiwe akaba ari aba bakurikira:

– Umurongozi mukuru w’Intara, hamwe n’Icegera ciwe
-Abagize urwego nshingwabikorwa, na nshingwantwaro k’urwego rw’igihugu
-Abahinga mu bijanye n’inyigisho z’Uburongozi nyabwo .

Nayo Intumbero yayo akaba ari:

– Gutanga inyingisho nkarishabwenge ku barongozi bose ba DICOBU.
– Kwumva kumwe ico DICOBU igamije, no guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’imigambi yoshirwa imbere kurusha iyindi muri DICOBU
– Kuronswa ibikoresho vya DICOBU
– kwiga muri rusangi ibibazo bihanze abarundi baba muri America na cane cane abanywanyi ba DICOBU
– Gutegura ikoraniro kaminuza na THE BEST OF EAST AFRICA event.
-kwigira hamwe indinganizo shasha yogenga DICOBU hamwe n’imigambi yoja imbere kurusha iyindi.

Mwomenya ko iryo koraniro ribaye imisi mike imbere yuko hano i Bujumbura habera indwi yahariwe abarundi barangurira i mirimo yabo mu mahanga itegekanijwe mu mpera za Mukakaro.
Ndetse muri Dicobu bakazonatunganya Ku ncuru ya kabiri ihwaniro bise Diaspora homme Comming .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718