homepage

Inarunyonga buca agaruka mu muziki, kandi n’ukwibungenga navyo ngo birimwo

Ukuba yibungenze Inarunyonga ntibikiri ikinyegezwabanga, co kimwe n’uko umuziki buca asubira kandi kuwukora ukuri kwamye, kuko yabisokorojwe n’umwe mu bakurikirana ibikorwa vyiwe ku rubuga rwa Facebook.

Ndayishimye Arlaine benshi bazi nka Inarunyonga ngo yoba agiye kugaruka mu muziki, ivyo akaba yavyemeye ku rubuga rwiwe rwa facebook aho yaganira n’umwe mu bamukurikirana.

Naho adasobanura neza ryari azogarukira mu muziki, ariko yemeza ko ari vuba, azogaruka. Aho akaba yavyishuye Sam Nira aho yari amubajije nimba umuziki yarahagaritse burundu.

“Mbe umuziki warahevye cnk wabikora kugira…. Niyo mpamvu ubi wzhevye kuririmba by #inarunyonga “

Ahejeje kumwishura ko ibintu bizogenda neza vuba cane, uwo mukunzi w’ibikorwa vyiwe yahavey amwibwira, avuga ko ari uju Mc mu rumonge kuko banakoranye mu gihe yari mu giteramo ahitwa kwa Mwami mu Rumonge.

Aho nyene uwo muririmvyikazi yahavuye asokorozwa ko yoba yibungenze, nawe aremera ko Umukama yamaze gusubira kandi kumuhezagiza ikindi kibondo naho kitarabona izuba.

Mukamenya ko uwo muririmvyikazi w’Umurundi yubatse urwiwe haraheze imyaka ishika 5, ubu akaba abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika hoba haheze nk’imyaka 3, ariko akaba yagiye yaramaze kwibaruka umwana w’umuhungu yaronkeye I Kigali mu Rwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686