IKIRUNDI_news

Indirimbo Ajugu ngo yoba yahowe ubukirisu bwa Pechie B Nation

Igitigiri kinini c’abaririmvyi baririmvye indirimbo zikunzwe, canke abaririmba neza kw’isi mbere, birazwi cane ko abenshi bavuye mu gitigiri c’abaririmvyi baririmba mu masengero, canke bafashijwe n’abaririmba indirimbo zihayagiza Umukama, ariko ubu basa n’abahindukiye bagatangura kuririmba ivy’ubuzima bwa misi yose, abakirisu bakunze kwita Indirimbo z’ab’isi.

Na hano iwacu barahari, umwe muribo ni Pechie B Nation asanzwe ari umuririmvyi muri iyi misi yaheruka kumenyesha ko akaririmbo kiwe gashasha yise “AJUGU” gaheruka gukurwa ku rubuga rwa Youtube aho vyavugwa ko kagirizwa kuba karimwo ibintu bitari vyiza.

Ako karirimbo kari kamaze imisi hafi 3 karakuwe ku rubuga rwiwe rwa Youtube, kahavuye gasubizwako uno musi nkuko amakuru dukesha uwo muririmvyi abimenyesha. Kakaba kasubiyeko inyuma yaho yikozeko umuhinga amufasha kubitunganya.

Intandaro y’ugukurwako kw’indirimbo kuri Youtube, n’abantu baba bamenyesheje urwo rubuga ko irimwo  ibintu bitabereye. Abo bantu nabo nkuko uwo muririmvyi Pechie yabituyagiye mu kiganiro twakoranye, ngo ni bamwe mu bakirisu batashimishijwe ko afata inzira y’ukuririmba indirimbo zitari iz’uguhimbaza Imana.

Abo bantu nkuko yabandanije abituyagira ngo bakaba bakabuwe n’inkuru yanditswe kuri imwe muma blog asanzwe avuga ibijanye n’ijambo ry’Imana aho yamwagiriza ko yakoze indirimbo iza mu bibanza vy’imbere mu zirimwo ibintu bibi cane muri ino myaka.  Ariko kandi nkuko twabashije kubisoma, uwo muririmvyi ngo bikaba bidatomoye neza nimba yoba yarigeze kwakira yezu muriwe.

Pechie akaba inyuma yako kari kahuye n’uruvuye guhiga, yaheruka gushira ahabona akandi haraheze amezi 2 yari yise Cancer. Ubu ako karirimbo Ajugu kakaba kagarukanye n’ama Views kari kakuweko gafise, ayo nayo akaba ari 3,400 mu misi 11 gusa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037