IKIRUNDI_news

Indirimbo ya Lolilo na ALikiba ngo agiye gushira umuziki wa hano iwacu ku rundi rwego

Ivy’indirimbo ya Lolilo na Alikiba ntibikiri ikinyegezwabanga. Lolilo akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram yashize ahabona Coming Soon y’iyo ndirimbo yahawe akazi ka Magic Mirror.

Nkuko biboneka iyo ndirimbo yakozwe na Bedi best kandi ikaba izoza izananye n’amasanamu yayo, naho hataramenyekana vyukuri uwakoze amasanamu y’iyo ndirimbo canke ikibanza iryo sanamu ryakorewemwo.

Mu kiganiro aheruka kugirana na Juste Gael, uwo muririmvyi w’inararibonye yagarutse ku kiyago gikomeye yagiranye na Alikiba, aho bivugwa ko uwo muririmvyi ata kindi kimuraje ishinga atari ugushigikira incuti yiwe Lolilo ngo ihindure isura y’umuziki w’Uburundi.

“Nivyo Alikiba twarakoranye indirimbo, n’indirimbo nziza cane, izodushirakana ku rundi rwego, atari birya tumenyereye gukora buri musi. Reka ndanamushimire Alikiba, yambwiye ati Lolilo ushaka gushika ku rundi rwego, Ushaka guhinduka, Ushaka guhindura umuziki wo mu Burundi, kurikiza ibi nakubwiye. Uguruka amaso, ntugume uri urya muntu akora ibintu buri musi bigaherera ngaho, dukore indirimbo jewe nzogufasha guhindura umuziki wo mu Burundi ube uwundi muziki.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi ngo yamwibiye akabanga amubwira ko imbere yuko yipfuza guhindura umuziki wo mu Burundi ukaba uwundi muziki, ngo nabanze kwanza ahinduke we ku giti ciwe, ngo nivyamukundi n’ibindi bizokunda. “Nkuko Alikiba yavuze nimba ushaka guhindura ibintu tangura kwanza guhinduka wewe, uhindutse n’ibindi urabihindura.”

Mwomenya ko hampande y’iyo ndirimbo itaramenyeshwa ryari izoshirwa ahabona, bari basanzwe bafise iyindi ndirimbo bakoranye haraheze igihe kitari gito, banakunze kuririmbana mu biteramo bahuriramwo kenshi, iyo nayo ikaba ari Maneno Matamu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037