IKIRUNDI_news

Indirimbo ya Mutima le comédien na Fizzo mwoyakira gute?

Mutima le comédien n’umukinyi w’amareresi atwenza (comedi)kubwiwe ngo iryo zina kugira arironke ntivyari vyoroshe vyaciye Kure ni nayompamvu atitaho ibimuca intege.

Impiga ni ndende yamara arashima aho ageze ubu kuko biramaze kumwugururira imiryango myinshi uretse ko atwenza ibikino vyiwe biba birimwo n’inyigisho.
Hano mu gihugu yaramaze gufatisha bikwiye ubu akaba ariko asatira afatishe no mu mahanga.
Urugendo rwiwe rwa mbere akaba yarugiriye mu gihugu c’Ubuganda arashima uko yakiriwe n’abarundi basanzwe babayo.

Uretse ko akora umwuga wo gutwenza tumaze imisi tumwumva mu ndirimbo afasha abaririmvyi aho twovuga no muri Njenje ya Kingorongoro no mu ndirimbo Ininahaza Imana “woza” arikumwe n’umurwi TSS.

Big Fizzo akaba yashize kuri Twite yiwe amajambo asaba ko Mutima yoreka ivyo kuririmba akore comedi ziwe, ahereza n’utumenyetso two gutwenga😂😂😂 na Link arayishirako

Biboneka Ko yoba ari ugufashanya kumenyekanisha iyo ndirimbo yakoze ata Mutima muni bisigura kwatariko aramubuza ahubwo amushigikiye.

Mutima nawe yabikoze nkuko ati Guma hamwe ndabasatire na mpakaaa ashirako utumenyetso twogutwenga😂😂😂😂 aranashimira Fizzo ingene yamufashije kuyimenyekanisha indirimbo “Woza”.

Mutima acishije ku rubuga rwiwe rwa fcbk yabajije abakunzi biwe nimba akoranye na Big Fizzo bo vyakira gute?
Ibikiyobeye nyimba bagiye gukorana indirimbo canke ari ivyo yifuza kubera ukuntu yabonye yamushigikiye.

Bandana ukurikirana Indundi magazine tuzobikumenyesha niyasubira kuboneka mu yindi ndirimbo na cane cane niyaririmbo na Mugani Désire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037