BurundiEntertainmentIndundi Cinemakirundi

#indundi Cinema| Samvura| Ukuri n’iki?

Umuntu wese arashobora kwibaza ijambo “Ukuri” icarico kuko rikoreshwa kenshi ndetse hariho n’abarigira indahiro ya buri musi, ufatiye ku mico n’imigenzo y’abarundi biragoye kumenya ukuri kuko habamwo ukujajura kwinshi, ndetse n’imwe mu migani y’ikirundi igatuma ukuri kuba nk’umuzi w’ibuye aho twovunga nka”Uwutabeshe ntasumira Umwana”,…

Imigani, imico, n’imigenzo uhura vyaratuboshe kandi bikaba bigoye ko twibohora kuko vyatunyaze  ico bita “Ukuri” nayo ikinyoma ciganza mu bantu, ukubohoka kwacu biroroshe cane, igihe tuzotahura ko tutiremye kandi tutihaye ubuzima tuzobohoka twihane twiyeze.

None ko tutiremye n’inde yaturemye? Ibitabo vyeranda vyerekana ko twaremwe n’Ukuri ,Data wacu ari Ukuri.

Igitabo abenshi mu gihugu cacu tubona ko bemera, banakunze gusoma, n’injiri ntagatifu benshi bakunze kwita Bibiliya, n’igitabo kigurwa cane hano iwacu kandi cifashishwa n’aba Christu mu kuvuga ubutumwa, abo nabo bakatumenyesha ko bagize ibice 90% vy’abantu baba hano mu gihugu iwacu.

Vyerekana ko ivyo bice vyompi bizi kandi bitegera ko twaremwe n’Imana kandi tugirako duhabwa Impwemu y’Imana, ico gitabo nyene kikatuyagira amakuru y’uwitwa Jambo, aho kivuga ko Jambo yamyeho kandi yafadikanije na se kurema. Ni muri ico gitabo nyene tuca tubona aho uwo muremyi w’isi nijuru avuga mw’ijwi ko uwo Jambo ariwe mwana wiwe akunda cane, bivuga ko ariwe yafadikanije na se kurema.

Ukuri kuvyara ukundi uwo Jambo niwe kuri yavyawe n’Ukuri, ndetse natwe ubwacu turemwa n’Ukuri, none uwo kuri ni nde?

Usomye muri ico gitabo gikunzwe muri (yohona(14:6) haravuga ko Jambo ariwe kuri akaba n’ubugingo, vyumvikana ko iyo tuvuze ukuri Tuba tuvuze kandi dushingiye intahe Christo we Jambo ry’ukuri.

None twoba tuvuga ukuri koko? Vyari bikwiye ko tuvuga ukuri kuko kuratandukanye n’ikinyoma, nayo uwuvuga ukuri aba ashingira intahe Christu, uwuvuga ibinyoma agashingira intahe se kibi.

Uwu musi nashimye kuzana i reresi yanditswe inakinirwa n’abarundi mu ntumbero yo kwerekana ko vyari vyiza ko twoba imvuga kuri, kuko gushingira intahe ikinyoma bivamwo ubwicanyi ndetse n’ayandi mabi atuboha akatwica, akadusubiza inyuma mu buzima bwacu, kuko tuba tutakigira Umuco utumurikira mu buzima.

Ireresi ivuga k’ubuzima bw’umukobwa yakorewe amabi menshi kuko yahagarariye ukuri, ireresi yerekana ingene abantu barigitwa n’ikinyoma. SAMVURA muyisanga kuri BMT Buja

https://youtu.be/Yhdf82Gw7sE

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590