Inkino

# Indundi Sports |Aba nibo bakinyi b’intamba mu rugamba Justin Ruhimbaza akunda cane

 

 

Mu kiganiro yaraye akoranye na Indundi TV , Umukinyi w’umurundi Justin Ruhimbaza asanzwe akina mu mugwi w’abakiri bato wa Upstate Lonestar muri Reta zunze ubumwe za America yavuze abakinyi akunda cane mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba .

Muri abo bakinyi hakaba harimwo Kwizere Pierro akina mu gihugu c’Urwanda , Ndayishimiye Youssuf Nyange akina muri Turkie mu mugwi Istanbul hamwe na Cedric Amissi asanzwe akina muri Arabie Saudite mu mugwi Al Taawoon .

Ruhimbaza w’imyaka 23  akina hagati mu kibuga ntarahagamagarwa mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ukwitwara neza kwiwe gushobora gutuma yizerwa n’abamenyereza agahamagarwa ubwa mbere mu kuza gukinira igihugu ciwe c ‘amavukiro .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037