Inkino

# Indundi Sports | Aba Tanzania Etienne niwe yoba yarabatsindishije

Urupfu n’impfane birajana Saido Ntibazonkiza yinjije igitsindo none abatsinzwe bacegetse ku mumenyereza Etienne ku mvo z’uko yakinye na bene wabo.

Inyuma yaho Uburundi butsinze igitsindo 1-0 Umugwi nserukira gihugu wa Tanzania, abankunzi b’uwo mugwi  ishavu barita Ku mumenyereza wabo  Etienne Ndayiragije,bakavuga ko yapanze urutonde nabi kubera ko yakinye na bene wabo b’abarundi .

 

Babajijwe imvo yakuyemwo Uburundi mu mwaka uheze akaba atanyishu itomoye batanze,  ahubwo bakaguma bashize umutima kuko bazobaja  imbere yacu mu rutonde rwa FIFA kandi ataburyo canke imyimenyerezo babasumvya.

Mwomenya ko Uburundi bwahinduye amateka inyuma yo gutsinda Tanzania kuko mu nkino 11 iyo migwi imaze guhura muri kahise ka hafi Tanzania imaze gutsinda inkino 4 co kimwe n’uburundi hama bakanganya inkino 3 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037