Inkino

# Indundi Sports | Abahagarikizi 4 b’abarundi nibo bagiye guhagarikira urukino rwa Simba na Kizer Chiefs

 

 

Amateka abandanywa yandikwa n’bahagarikizi mpuzamakungu b’ababarundi .

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 Rusama 2021 , abajejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF batoye abahagarikizi 4 b’abarundi aribo bazohagarikira urukino rwo gusubiriza rwa CAF Champions league ruzohuza Umugwi Simba sc wo mu gihugu ca Tanzania hamwe na Kizer Chiefs yo muri Africa y’epfo.

Abo bahagarikizi 4 akaba ari aba bakurikira:

1) Umuhagarikizi wo hagati : Pacifique Ndabihawenimana

2) Umuhagarikizi wa mbere wo kuruhande : Emery Niyongabo

3) Umuhagarikizi wa kabiri wo kuruhande: Pascal Ndimunzigo

4) Umuhagarikizi agira 4 : George Gatogato .

Urwo rukino rwo gusubiriza rukaba rugiye kuba muri uku kwezi kwa Rusama igenekerezo rya 22 umwaka wa 2021 ku kibuga ca Mukapa Isaha cumi mu masaha yo mu gisagara ca Dar es Salaam .

 

Mwomenya ko urukino rwo gutangura rwabereye muri Africa y’epfo Umugwi Kizer Chiefs wanyagiye Simba sc ibitsindo 4 ku 0 .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036