footballhomepage

Abakinyi ba Inter Star bemereye Sindimwo gutwara igikombe c’Umukuru w’igihugu

Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2020, isaha zitanu zo mugatondo niho Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu akongera agatwara n’Umugwi wa Inter Star Gaston yahabwa icese Umugwi aranashinga na Komite yiwe bazokorana mu kiringo c’imyaka 3 .

Mu majambo nyakubahwa Gaston Sindimwo yavuze yabanje gukeza abakinyi ba Inter Star n’Umumenyereza ku kazi bariko barakora. Kuva aho ahawe amabanga yo gutwara uyo mugwi, avuga yuko bagerageje kandi baranamwemereye yuko bazotwara igikombe c’Umukuru w’Igihugu.

Akaba yagize ati ” Uno musi nshaka nshimire abakinyi n’Umumenyereza ku kazi bariko barakora kuvaho ngizwe Uwurongoye Umugwi wa Inter Star baragerageje , banyemereye y’uko bazotwara igikombe c’Umukuru w’Igihugu rero bamfitiye ideni nanje nkaba ndabafitiye irindi ”

Mukibuka y’uko Umugwi wa Inter Star mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’Igihugu bazohura n’Umugwi wa Musongati Fc wo mu Ntara ya Gitega

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807