Inkino

Abakinyi ba Musongati Fc bafashe urugendo berekeza muri Zambia

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Kigarama 2020, niho umugwi Musongati Fc w’i Gitega wafata indege werekeza mu gihugu ca Zambia gutana mu mitwe n’umugwi Green Eagles mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Confederation Cup ruzoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 06 Kigarama 2020.

Mu rukino rwo gutangura rwari rwabereye i Bujumbura Musongati Fc yanganije na Green Eagles ibitsindo 2-2.

Kugira Musongati Fc ubandanye usabwa kuronka intsinzi mu gihugu ca Zambia kugira urabe y’uko wobandanya mu gice gikurikira.

Mwomenya ko Musongati Fc ari ubwa mbere witabira amahiganwa mpuzamakungu nk’ayo ya CAF.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037