Inkino

Abana b’impfuvyi bagiye kwubakirwa ishure ry’umupira w’amaguru

Ishirahamwe Amani House Association niryo shirahamwe rigiye gushigwa n’abakinyi bakera basanzwe baba mu bihugu vya Buraya bitandukanye.

Abo bana bazoba ari abahungu gusa bafise imyaka iri hagati ya 10 na 15 , bakazoba bari mu gitigiri c’abana bashika kuri 24 bafise n’impano yo gukina umupira w’amaguru mu nyuma hazoca hakorwa ikindi kigo co gufasha abana b’impfuvyi b’abigeme kizokubakwa mu ntara ya cibitoke.

Kugira hatorwe abo bana bazoraba abana badafise abavyeyi babiri canke umwana adafise umuvyeyi umwe nawe nyene abe adafise abantu bamufata mu mugongo ( Ntahonikora) munyuma bace berekeza muri buri intara kugira batore umwana umwe umwe afadise abavyeyi.

Imbere yo gutora abo bana bazobanza gusuzuma amagara yabo mbere babafashe no kwiga.

Uwatanguje iryo shirahamwe akaba ari Saidi Ndabaniwe umukinyi wa kera w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zigeze gukinira igikombe c’isi mu mwaka wa 1995.

Iryo shirahamwe rikazotangura gukora kumugaragaro mu mwaka uza wa 2022 nk’uko vyashikirijwe na Saidi mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru.

Mwomenya y’uko ico kigo cabo bana b’impfuvyi kizoba gituye mu Kajaga muri Komine mutimbuzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037