Inkino

# Indundi Sports | Abantu ibihumbi 5000 nibo bazokwinjira mu rukino rw’intamba na RCA

Mugihe hasigaye imisi itarenga indwi kugira Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba utane mumitwe n’igihugu ca Republic Centrafrique mu rukino rwo kurondera itike rya CAN 2022 , abarorerezi batarenga ibihumbi 5000 nibo bemerewe na CAF kwinjira kurorera urwo rukino kubera ikiza ca Covid -19.

Ivyo bikaba vyemezwa n’umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Jéremie Manirakiza .

Bikaba bitegakanijwe ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rishira ahabona ibiciro vyo kwinjira muri urwo rukino mundwi buca dutangura.

Urukino rukaba rutegekanijwe kuba ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2021, Isaha Icenda 15h00 ku kibuga Intwari .

Mwomenya ko muri kino gihe hazoba amategeko adasanzwe ku bijanye no kwinjira bivanye n’uko mu rukino rwahuje Uburundi na Mauritania CAF yashoboye guca ihadabu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bivanye n’uko yari yarengeje igitiri c’abarorerezi binjiye mu kibuga .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037