Inkino

Abanya Kirundo bagiye kuronswa ikibuga c’inkino ca kijambere

Uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yaraye atanguye ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru co mu Kirundo.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 08 Rusama 2021, mu masaha y’ibikorwa rusangi , niho uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB honorable Révérien Ndikuriyo yifadikanya n’abenegihugu bo mu ntara ya Kirundo mu gutangura ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c’inkino .

Mu majambo Honorable Révérien Ndikuriyo atwara FFB yashikirije abenegihugu bo mu ntara ya Kirundo yavuze y’uko ata mvura idahita aho akaba yariko aravuga kuvyerekeye ingene imigendanire y’uburundi n’Urwanda yatosekaye mu kuvuga y’uko nimba Uburundi n’Urwanda bitameze neza muri kino gihe mu myaka iza ivyo bihugu bishobora kugiranira imigendanire myiza mbere n’inkino zizoba zihuza Uburundi n’Urwanda zizohora zibera muri iyo ntara.

Honorable Révérien Ndikuriyo akaba yarashoboye kwemerera abanya Kirundo y’uko bazokora ibishoboka vyose kugira ico kibuga kirangire mbere nicarangira kizoca kijako umusezero wa kijambere .

Mwomenya y’uko ibibuga bishika kuri 8 biri mu ntara hagati nivyo bifise umusezero wa kijambere twita Stynthetic ikibuga co mu Kirundo kizoba ari ikibuga kigira 9.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037