Inkino

Abo mu ntara ya Mwaro na Bururi nta mahirwe bafise yo guhabwa imisezero y’ ibibuga

Ukuterekana ishaka ryo gukunda umupira  w’amaguru  mu ntara ya Mwaro na Bururi nivyo  bitumye izo ntara zitazokwubakirwa ibibuga biriko imisero ya kijambere Synthetic.

Hari ku musi wa gatanu w’igenekerezo rya 04 Ruheshi 2021 , aho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryariko risozera ihiganwa rya Primus league 2020-2021 mu gutanga ubushimwe butandukanye ku bitwaye neza gusumba abandi.

Uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Révérien Ndikuriyo yagize ico ashikiriza mu gusozera ijambo aho yavuze amajambo atari make yubaka .

Mu majambo yashikirije abari bitabiriye ivyo birori yavuze ko mu Ntara zose hazokwubakwa ibibuga biriko imisezera ya kijambere ukuyemwo Intara zibiri gusa aho twovuga intara ya Mwaro na Bururi .

Akaba yagize ati’’ Nabivugiye mu Kirundo muri komine Busoni nti’’ Ntaho ntazoba ndi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi nababwiye y’uko Intara zose bica muri FFB bica inyuma ya FFB zizoronswa imisezero, kiretse Intara ya Mwaro iterekana akayabagu n’Intara ya Bururi izindi zose zizoronka tuzotangura mu mwaka uza , bibiri bibiri dusigaje Intara nkeyi zose zironke abantu bakubite umupira uwanka yangare ‘’

Mwomenya ko Intara zimaze kugira ibibuga biriko imisezero ya kijambere ari Intwara ya Cititoke , Bujumbura , Gitega , Ruyigi , Ngozi , Muyinga , hamwe na Makamba ikibuga co mu rumonge nico kitagira umusezero wa kijambere bita Synthetic.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036