CAN2019footballInfrastructuresInkinoprimus ligueprimusic-burundiUncategorized

# Indundi Sports | Aigle Noir igiye kwongereza inguvu mu kuzana abandi bakinyi bo hanze

Umugwi Aigle Noire the fighters wo mu Ntara ya Makamba uri mu nzira yo kuzana abakinyi bagera kuri 12 b’abanyamahanga bava mu Afrika y’uburengerazuba.

Abo abakinyi akaba abanya Cote d’ivoire 5 , aba Malien 4 , umunya Burkina Faso 1 , Umunya Togo 1 hamwe n’umunye Cameroun 1 .

Ku makuru twakuye mu kiganiro cashikirijwe na Eagle Sport time igenekerezo rya 17 Mukakaro 2020, ni uko muri abo bakinyi bazoza muri Aigle Noire harimwo abakinyi babiri ba cote d’ivoire bamaze gukina muri Asia.

Tukaba tutaramenya igihe bazozira mu gihugu c’Uburundi kwifadikanua n’abandi bakinyi ba Aigle Noire kugira bitegurire ihiganwa rya Primus league 2020-2021.

Mwomenya y’uko Umugwi Aigle Noire warangije ihiganwa ry’umwaka wa 2019-2020 uri mu kibanza ca 3 mugihe iry’umwaka wa 2018-2019 batwaye ibikombe vyose aho twovuga nki’ca Primus league , ic’umukuru w’igihugu, hamwe n i’icubumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 238