Inkino

# Indundi Sports | Amafaranga ibihumbi 500 kuri buri mukinyi wa Flambeau du centre yaraye abacitse

 

 

kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Munyonyo 2020, niho mu ntara ya Gitega haba Derby ikomeye  yahuza Musongati Fc hamwe na Flambeau du centre . urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije igitsindo wa 1-1.

Urukino ruheze abakinyi ba Flambeau du centre baciye baryama mu kibuga ku mvo z’uko bari bemerewe na Venerand amafaranga ibihumbi amajana atanu 500,000Fb kuri buri mukinyi baramutse batsinze Musongati Fc .

Bikavurwa ko ayo mahera uwo mugwizatunga akomeye yari yamaze kuyabaha umuntu ayararane ariko mu nyuma bikaba bitahavuye bikunda ko bayatahukana.

kunganya kwa Flambeau du centre kwatumye uwo mugwi uva mu kibanza ca 3 ukoroka mu kibanza ca 4 vy’imfata kibanza, mu gihe Musongati Fc yaciye iva mu kibanza ca 7 imanuka mu kubanza 8 vy’imfata kibanza mw’ihiganwa rya Primus league .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037