Inkino

Amafaranga yo kwubaka ibibuga 54 vya kijambere muri Africa yamaze gushika muri CAF

Umuriyaridi 1 w’amafaranga y’amanyamerika niyo mafaranga azohabwa ibihugu 54 vyo muri Africa kugira vyubake ibibuga vya kijambere bikwije ivyangombwa.

Ivyo bikaba vyari vyemejwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA Gianni Infantino mu mwaka uheze .

Inyuma yaho haciye hinjira ikibazo c’ingwara ya Covid -19 bica bituma uwo mugambi usa nk’uwuhagaritswe gato .

Ku makuru twasomye mu kinyamakuru Africafoot ni uko ayo mahera amaze gushika mu maboko y’ishirahamwe risanzwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF .

Uwusanzwe atwara ishirahamwe CAF Patrice Motsepe mu kwezi guheze yarashoboye kugira urugendo mu gihugu ca Maroc kugira bige ingene umupira wo muri Africa nawo nyene wotera imbere ndetse n’ingene ayo mafaranga yokoreshwa kugira isura ry’umupira wo muri Africa rihinduke .

Gushika ubu ntawuramenya igihe CAF izohera ayo mahera ayo mashirahamwe y’umupira w’amaguru muri africa ashika kuri 54.

Mwomenya y’uko Uburundi nabwo nyene buri mu bihugu bifise ikibazo c’ikibuga nk’uko twabibonye mu rukino ruheruka rwo kurondera itike rya CAN rwaduhuje na RCA twahatswe kurukinira mu gihugu ca Tanzania ariko munyuma CAF ibona gutanga imbabazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036