Inkino

Amatora y’uwuzotwara FFB azoba mu kwezi kwa Munyonyo

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa Poritike niho hariko habera inama yabose (Assembelée Générale ) y’abagize iryo shirahamwe ndetse n’abarongoye imigwi.

Mu ntagamarara uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Reverien Ndikuriyo yavuze y’uko amatora y’umurongozi mushasha w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi azoba mu kwezi kwa Munyonyo ariko imbere y’aho hazobanza kuba amatora yo ku rwego rw’amakomine be no ku rwego rw’intara .

Ayandi makuru yivyashikirijwe muraza kuyashikirizwa mu masaha ari imbere.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037