Inkino

Amissi Tambwe yaguzwe n’umugwi wo mu cicaro ca kabiri muri Tanzania

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi yigeze kubica bigacika ari kumwe n’imigwi ya Simba Sc na Yanga Africans Amissi Tambwe agiye gusubira gukina mu gihugu ca Tanzania.

Amissi Tambwe akaba yashize umukono ku masezerano y’umwaka yo gukinira umugwi DTB Fc wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Tanzania, akaba agiye muri uwo mugwi avuye mu mugwi Police Fc wo mu gihugu ca Djibouti aho yarangije ihiganwa afashe ikibanza ca 2 n’ibitsindo 17.

Mu mateka y’uko mugwi Yang Africans gushika ubu ntibararonka umusatirizi amaze kubinjiriza ibitsindo vyinshi nka Amissi Tambwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037