Inkino

# Indundi Sports | Arakaza Mac Arthur yatowe nk’umunyegori afise Cleen Sheet nyinshi muri Djibouti

kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2020, Umugwi Police Fc ukinamwo abarundi 3 aribo Kaze Gilbert Demunga , Tambwe Amissi hamwe na Mac Arthur waraye ukinye urukino rwawo rwanyuma rw’ihiganwa ryo muri Djibouti .

Urwo rukino rukaba rwarangiye Police Fc yirahiye Dikhil Fc ibitsindo 2-1 , ivyatumye uwo mugwi ukinamwo abarundi utahukana ikibanza ca Kabiri mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021.

Umunyegori w’umurundi Arakaza Mac Arthur yaciye atorwa nk’umunyegori wa mbere afise Cleen Sheet nyinshi bivuga ko yashimwe nk’umunyegori yashoboye gusohoka mu kibuga kenshi atinjijwe n’igitsindo na kimwe gusumba abandi akaba afise izishika kuri 6 mu nkino 18 yakinye.

Mwomenya y’uko uwo mugwi Police Fc waduze mu cicaro ca mbere muri uno mwaka ukaba waciye ufata ikibanza ca Kabiri .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037