Inkino

# indundi Sports | Arsenal yipfuza Tylo Kehrer wa PSG

 

Inyuma y’uko umugwi PSG wo mu gihugu c’Ubufaransa uguriye umu nya Maroc Ashraf Hakimy , Umugwi Arsenal wo mu bwongereza watanguye kwerekana ishaka ryo kurondera Tylo Kehrer.

 

Amakuru twasomye mu kimenyeshamakuru co mu gihugu c’Ubufaransa INFO League 1 amenyesha ko umukinyi w’Umudagi Thilo Kehrer akaba afise umuvyeyi nyina wiwe amuvyara avuka hano mu Burundi mu ntara ya Kanyanza ariko aronderwa n’umugwi Arsenal wo mu Bwongereza .

Ico kimenyeshamakuru kikaba candika ko uwo mukinyi wewe yipfuza kuguma muri PSG, ariko uwo mugwi wa PSG umwanya n’umwanya ushobora kumutiza ku mugwi umwipfuza.

Mwomenya ko Thilo Kahrer  atigeze yoroherwa mu mugwi PSG mw’ihiganwa ry’umwaka uheze .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037