Inkino

# Indundi Sports | Braking News : Omar Ntakagero ntakibarizwa muri Flambeau du Centre

 

Ugutsindwa n’umugwi Messager Ngozi mu rukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe umuhisi Petero Nkurunziza nivyo bitumye Uburongozi bwa Flambeau du Centre buhagarika Omar Ntakagero mu mabanga yo kumenyereza uwo mugwi .

 

Amakuru ahejeje gushikira Indundi Sports ni uko kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Ruheshi 2021, Omar Ntakagero yari yamaze guhagarikwa muri uwo mugwi .

Ntawuramenya ko yoba yahagaritswe ari kumwe na Staff yiwe canke iyo Staff  yoba yagumijwe muri uwo mugwi .

Omar Ntakagero mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021, yafashije Flambeau du Centre kurangiza ihiganwa uri mu kibanza ca 2 , yatsinze inkino 16 anganya inkino 6 atsindwa inkino 8.

Bikavurwa ko uwushobora kumusubirira ari umumenyereza w’umunyamahanga ( Umuzungu).

Mwomenya ko mu nkino zitatu Umugwi Flambeau du Centre washitse muri Finale watsinze Urukino rumwe gusa rwa Coupe de l’unité , urukino rwanyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu hamwe n’urukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Umuhisi Nkurunziza zose ikaba yarazitakaje.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036