Inkino

# Indundi Sports | Breaking News: Dieugo Maradona yitavye Imana bitewe n’ihagarara ry’umutima

 

Umukinyi rurangiranwa wa kera w’umugwi nserukira gihugu wa argentine Dieugo Armando Maradona yitavye Imana bitewe n’uguhagarara kw’umutima ( Arrêt Cardiaque).

Maradona w’imyaka 60,mu ntango z’uku kwezi kwa Munyonyo 2020 yari yabazwe mu bwonko aho abaganga bari bamubwiye ko kubarwa kwiwe kwagenze neza.

Diéugo Maradona n’umwe mu bakinyi bakera b’umupira w’amaguru bari bakomeye, nko mu mwaka wa 1986 niwe yari kizigenza wa Argentine aho yayifashije gutwara igikombe c’isi cari cabereye muri Mexique .

Yakiniye imigwi ya Fc Barcelona , Napoli mu Butariano aho yayifashije gutwara ibikombe bibiri yikurikiranije .

yatsindiye umugwi nserukira gihugu wa Argentine ibitsindo 34 mu nkino 91 no kwitabira inkino z’igikombe c’isi incuro zigera kuri 4.

Indundi Magazine ikaba ihojeje abakunzi b ’umupira w Amaguru

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037