Inkino

# Indundi Sports | Breaking News : Emmando Mpotela ntakiri umumenyereza wa Vital’o Fc

Amakuru ahejeje gushikira Indundi Sports muri kano kanya ni uko umugwi Vital’o Fc umaze guhagarika umumenyereza wabo Emmando Mpotela .

Ayo makuru akaba yemezwa na Emmando Mpotela ubwiwe nyene .

Mu mugwi Vital’o Fc bobo n’ubu barahakana ayo makuru biciye kuri Vice Prezida wa Vital’o Fc Evariste, bikaba bigoye gutahura mugihe Mpotela wewe yiyemera ayo makuru.

Ku makuru yandi twaronse nubwo tutarayemeza 100% ni uko uwugiye kumusubirira ari Umumenyereza Mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola, mbere akaba ari nawe yakoresheje imyimenyerezo uno musi mu gatondo umugwi wa Vital’o Fc .

Bikavugwa ko Alain Olivier Niyungeko azoba arafasha imyimenyerezo ariko mu rukino ntaboneke Ku ntebe y’ubumenyereza gushikaho amasezerano yiwe na FFB azorangirira mu kwezi kwa kigarama muri uno mwaka wa 2020.

Ayandi makuru tutaramenya neza ni uko Mutombola yoba yasavye ko bozana Sahabo Paris yigeze kumenyereza uwo mugwi mu mwaka uheze kugira azomubere nk’icegera ciwe .

Tukaba twarondeye Umumenyereza Alain Olivier kugira atubwire y’uko ayo makuru yoba ariyo canke atariyo akaba atigeze ayemeza canke ngo ayahakane.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037