Inkino

Breaking News : Uburundi buhejeje gutsindira Marco Weymans azoboneka mu rukino rwa Mauritania

Amakuru duhejeje kuronka ubu nyene nkuko tuyashikirizwa na Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constatin, ni uko Uburundi buhejeje gutsindira Umukinyi Marco Weymans w’imyaka 23 y’ amavuko , akaba agiye gukinira Intamba mu rugamba mu nkino zibiri zigiye kuyihuza na Mauritania mu kwezi kwa Munyonyo.

Uwo mukinyi akaba yitezwe i bujumbura ku musi wa kabiri igenekerezo rya 03 Munyonyo mu ntumbero yo kurondera urupapuro rw’inzira (Passeport)y’Uburundi .

Marco Weymans akaba ari Umurundi avanze n’Umubirigi nkuko vyatangajwe na Manager Mutima Constantin abandanya yitanga cane mu kuzana abakinyi bashasha mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

Weymans akaba asanzwe akina inyuma ku ruhande  rw’ibubamfu mu mugwi wo mu cicaro ca mbere muri Swede witwa Ostersunds Fk .

twobibutsa ko uwo mukinyi yari amaze gukinira igihugu c’ububirigi mu migwi y’abatarenza imyaka 18 na 19 , akaba yari amaze gukina inkino zishika kuri 16.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037