Inkino

# Indundi Sports | Ca kibuga giteye igomwe kizotwara uburyo bungana n’imiriyaridi 30

Nkuko kw’ igenekerezo rya 04 Ruheshi 2021, uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Reverien Ndikuriyo yabivuze, hagiye kubakwa ikibuga c’umupira w’amaguru kizotwara Imiriyaridi 30 z’amarundi mu kanyosha ahitwa kwa Sebatutsi , amashusho y’ico kibuga yatanguye kuja ahabona .

 

Ico kibuga kizoba kiri ku rwerwo rw’ibibuga mpuzamakungu kuko kizoba kirimwo Ibibuga vy’inkino z’umupira w’amaboko , ihoteri izokwakira abanonotsi n’ivyumba vyo kwinonoreramwo imitsi bita Gym , Parking n’ibindi bitandukanye.

Mwokwibuka ko mu bihugu 54 vya Africa FIFA yemereye kwubakira ibibuga n’Uburundi burimwo ari nayo mpamvu hamaze kuboneka amashusho y’ingene ico kibuga kizoba kimeze.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036