Inkino

# Indundi Sports | Cédric Kaze agiye kumenyereza umugwi yang Africans

 

Amakuru yanditswe n’ikinyamakuru co mu gihugu ca Tanzania Mwanaspoti avuga ko uwigeze kuba umumenyereza wa Athletic Onlympic umurundi Cédric kaze ariwe agiye kumenyereza umugwi Yang Africans .

 

Ico kinyamakuru kikandika ko ivya Kaze na Yang Africans vyararangiye ,kandi uwashoboye kubwira Yang Africans irondere Cédric Kaze kugira azoyimenyerezeari umumenyereza wa Taifa Stars Umurundi Etienne Ndayirangije nawe yari amaze imisi ariko araronderwa n’uwo mugwi ariko bitakunze bivanye n’uko umugwi nserukira gihugu  Tanzania Taifa Stars bamusavye ko yokwongera ayandi amasezerano maze abandanye awumenyereza.

Indundi Sports ikaba yararonse akaryo ko kurondera abegereye Cédric Kaze kugira batange umuco kuri ayo makuru avuga ko  Cedric Kaze yoba yaronderewe ako kazi na Etienne ndayirangije , bakaba bavyamiriye kure bavuga y’uko aribo bonyene bamwirondereye .

Cedric yari asanzwe amenyereza mw’ishure ry”umupira w’amaguru ry’abana b’umugwi Fc Barcelona baba igisata co muri Canada .

Mu Burundi akaba yarigeze kuba icegera c’umumenyereza umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ndetse aranamenyereza umugwi Athletico Olympic .

Kaze akaba asanzwe afise imyanyabushobozi rya CAF A ni nurwo rwerwo rw’umumenyereza Yang Africans yahora yipfuza .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036