Inkino

Cedric kaze , Vladmir hamwe na Saido baraye batwaye igikombe ca Mapindunzi Cup

 

Inyuma y’imyaka itatu umugwi Yang Africans udatwara igikombe na kimwe abarundi batatu aribo Cedric Kaze Umumenyereza Mukuru wa Yang Africans , Niyonkuri Vladmir hamwe na Saidi Ntibazonkiza baraye bayifashije gutwara igikombe ca Mapinduzi Cup.

Yang Africans ikaba yaraye itsinze umukeba wayo Simba Sc mu rukino rwa nyuma Finale ya Mapinduzi Cup ama penariti 4 kuri 3.

Saidi Ntibazonkiza akaba ariwe yateye Penariti ya nyuma yashoboye gutuma Yang Africans isubira kandi gutwara igikombe yari imaze imyaka ikimbuye.

Kuva aho Cedric Kaze aziye muri uwo mugwi Yang Africans ari kumwe na Niyonkuru Vladmir mu nyuma hagaca haza Saidi Ntibazonkiza uwo mugwi nturatakaza n’urukino na rumwe ugutsindwa kwa Yang Africans kwama ari ukunganya.

Yang Africans ikaba yakinye urwo rukino ibuze abakinyi bawo bashika kuri 9 bamwe bakaba bari bahawe akaruhuko abandi bari batumweko mu mugwi nserukiry gihugu wa Tanzania Taifa Stars.

Yang Africans ikaba ari nayo ifata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier League.

Mwomenya y’uko Cedric Kaze yatowe nk’umumenyereza yaranze ukwezi kwa Kigarama mw’ihiganwa rya Vodacom premier League Tanzania hamwe na Saidi Ntibazonkiza yatowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Kigarama muri Vodacom Premiee league Tanzania.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037