homepagekirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Cricket Burundi : Urwanda rwatsinze Uburundi

 

Umurwi w’Abakambwe wo mu gihigu c’Urwanda ukina urukino rwa Cricket waraye utsinze umurwi wa Nyanzalac Star wa hano iwacu

Hari kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 01 Mukakaro 2023 Isaha umunani z’umurango ( 14h00) ku kibuga Olympafrica kiri muri zone Kanyosha Commune Muha, niho umurwi wa Nyanza Lac Star wa hano iwacu wakira umurwi w’Abakambwe wo mu gihugu c’Urwanda mu rukino rwa kivandimwe rwa Criket .

Urwo rukino rwarangiye abakambwe birahiye Nyanzalac Star ku manota 88 kuri 66.

Nsengiyumva John Clinton arongoye ishirahamwe rya Criket mu Burundi avuga ko urwo rukino yarwiyumviriye mu ntumbero yo kwagura ubucuti , kandi umurwi w’abakambawe wababaye hafi cane igihe bari batanguje urikino rwa Criket mu Burundi .

John Clinton akaba yavuze ko mu misi iri mbere n’abakinyi ba Nyanza Lac Star bashobora kwerekeza mu gihugu c’Urwanda mu ntumbero yo kubatera iteka nkuko nabo baribateye mu kuja gukina urukino rwo gusubiriza habanje kuba ikiyago , mbere n’abakinyi b’abarundi bakana bamwemereye intsinzi .

 

Nsengiyumva John Clinton arongoye Ishirahamwe rya Cricket mu Burundi

Nsengiyumva Johm Clinton yarangije avuga ko hari ibindi bihugu vyamaze kubasaba urukino rwa kivandimwe nka Tanzania hamwe na Uganda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 848