Inkino

Denis Karera : “Musongati twipfuza igikombe ca Primus league”

Inyuma y’aho Musongati Fc itsindiye umukeba wayo Flambeau du Centre igitsindo 1-0 ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2021, mwutwara uwo mugwi Umushingamateka Denis Karera yaragize ico ashirikirije kuri Indundi TV.

Tugarutse gato ku majambo amwe amwe Karera yavuze , ni ukugira umunezero udasanzwe inyuma ya Musongati Fc gutsinda igitsindo 1-0, Fleambeau du Centre.

Karera abajijwe y’uko irya Penariti Musongati Fc yahawe yoba ariyo yayemeje mu kuvuga y’uko ariyo mbere aranatangarira abantu bavuze y’uko atariyo .

Abajijwe ni iyihe ntumbero Musongati Fc ifise muri uno mwaka , yavuze y’uko imigwi yose iri mu cicaro ca mbere intumbero yama ari iyo gutwara igikombe ca Primus League hama igikombe c’Umukuru w’igihugu kikaza ubwa kabiri.

Mwomenya y’uko inyuma y’aho Musongati Fc itsindiye Flambeau du Centre waciye ufata ikibanza ca gatatu vy’imfatakibanza mw’ihiganwa rya Primus league.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037