footballprimus ligue

# Indundi Sports | Derby y’i Gitega yaraye irangiye imigwi yose inganije

 

Umugwi Musongati Fc ariwo wari wakiriye umugwi Flambeau du Centre mu rukino rw’indwi ya 12 rwa Primus League yarangiye imigwi yose inganije .

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022 , Isaha icenda z’umurango 15h00 ku kibuga Ingoma aho hari haramutse haba urukino rukomeye rwa Derby rwahuje Musongati Fc na Flambeau du Centre imigwi idacana uwaka mu gisagaca ca Gitega .

Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije ibitsindo 2-2 , Musongati Fc niyo yatanguye kwinjiza ku munota wa 15 w’urukino , ico gitsindo gica kugomborwa ku munota ea 24 biciye kuri Leonard Gakwaya wa Flambeau du Centre , haciye iminota ibiri gusa ku munota wa 27 w’urukino Musongati Fc yasubiye kandi itsinda igitsindo ca kabiri biciye kuri Kessy Jordan , igice ca mbere kigombe  kirangire ku munota wa 45 +1 , Musongaru  Henry wa Flambeau du Centre yinjiza igitsindo ca 2 baca kuruhuka ari 2-2.

Igice ca kabiri iyo migwi yose yagikinye neza irasatirana bikomeye ariko ibura n’igitsindo na kimwe iminota 90 ica irangira iyo migwi inganije .

 

Mwomenyako Musongati Fc ifata kibanza ca 5 mu nkino 12  n’amanota 19 mugihe Flambeau du Centre iri mu kibanza ca 6 n’amanota n’amanota 17 n’inkino 4 z’ikirarane .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 185