Inkino

# Indundi Sports | Etienne Ndayiragije niwe agiye kumenyereza Kiyovu Sports

 

Inyuma yo kwirukana Umumenyereza Olivier Karekezi kubera ukudatanga umwimbu mwiza , uwo mugwi wo mu cicaro ca mbere mu Rwanda waciye uhitamwo Etienne Ndayiragije abe ariwe amusubirira.

kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Rusama 2021, niho Umugwi Kiyovu Sports waya amasezerano umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije kugira aze ayimenyereze gushika mu mpera z’ihiganwa   amasezerano y’amazi abiri gusa.

Muvyo Etienne yasabwe ni uguhesha igikombe Kiyovu Sports  ivyo navyo uwo mumenyereza w’umurundi akaba yabibemereye .

Etienne Ndayiragije akaba agiye gutangura akazi ko kumenyereza uwo mugwi inyuma y’urukino rugiye kubahuza na Rayons Sports kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 05 Rusama .

Kiyovu Sports ikavuga ko yashimishijwe n’ubuhinga bw’uwo mumenyereza w’umurundi bivanye nivyo yakoreye Umugwi nserukira gihugu wa Tanzania .

Mwomenya ko Etienne Ndayiragije amaze guca mu migwi itandukanye yo muri kano karere dutanguriye hano iwacu yamenyereje As Tanganyika , Les Guepiers du Lac , LLBS4A hamwe na Vital’o Fc , mu Rwanda akaba yaramenyereje Umugwi Mukura Victory Sports mugihe Tanzania yamenyereje Umugwi Nserukira gihugu wa Tanzania , Mbao Fc , KMC hamwe na Azam Fc .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037