Inkino

# Indundi Sports | Eugène Big muri FFB agiye kwurira indege iryambere mu buzima

 

Umushoferi wo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mi Burundi FFB Niyongere Eugène batazira Big agiye kwurira indege ajanywe n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Réverien Ndikuriyo.

Mu mwaka wa 2019 igihe umugwi Aigle Noir wari wagiye i kigoma ujanywe n’umushoferi wa FFB Eugène Big gukina urukino rwa kivandimwe n’umugwi Simba Sc wo mu gisagara ca Dar es salaam, Big yarashoboye gusaba Uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ko mu myaka 50 afise yomufasha nawe akurira indege ubwa mbere kugira azopfe ayihonyojemwo  ikirenge, maze nawe aca arabimwemerera amusaba kuzomwibutsa.

kuri uno wa Gatatu igenekerezo rya 03 Munyonyo 2020, Uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yahavuye amwibuka ndetse nawe amushira ku rutonde rw’abantu bazojana n’intamba mu rugamba muri Mauritania .

Big mu kiyago gito yakoranye na Indundi Sports  yavuze ko atazopfa yibagiye umuntu yitwa Honorable Réverien Ndikuriyo kuko yamukoreye Surprise ikomeye.

Niyongere Eugène batazira Big akaba amaze imyaka 2 n’igice akorera mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kuriwe ni umunezero udasanzwe kubona agiye gushikana indoto ziwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037