Inkino

Evariste ati : “Benjamin twamuhaye umugwi vy’imfata kibanza

Icegera c’uwutwara umugwi Vital’o Fc Evariste Mukurarinda aravuga y’uko uwahoze atwara umugwi Vital’O Fc Bikorimana Benjamin bamuhaye umugwi vy’imfata kibanza.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 18 Ndamukiza umwaka wa 2019, niho Indundi Tv yari iramutse ikorana ikiganiro n’icegera c’uwusanzwe atwara umugwi Vital’O Fc Evariste Mukararinda. Evariste akaba yarahakanye y’uko mu mugwi Vital’o Fc hari matati canke indyane , akavuga y’uko uwahoze ari President wa Vital’o Fc Benjamin bamuhaye umugwi vy’imfata kibanza .

Evariste yabandanije avuga y’uko Benjamin Bikorimana yataye umugwi ivyatumye abakinyi cokimwe n’abamenyereza batabandanya guhembwa.

Yasubiye kandi arashimira Benjamin Bikorimana k’ukuntu yatwaye umugwi akawufasha gutwara ibikombe imyaka ibiri yikurikiranya, ariko icaje kubababaza ngo n’uko uyu mwaka umugwi wasa nk’uwamunaniye gushikaho usezererwa mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu n’umugwi ubayabaye nka Lumière de Mwumba .

Mukamenya y’uko Benjamin Bikorimana n’ubu acemeza y’uko ariwe akirongoye uwo mugwi Vital’o Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037