footballhomepage

Ferouz Haruna yaraye agize isanganya urutoke ruhakwa gucika

 

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 22 Ntwarante 2020, isaha 8h00 zo mugatondo niho umumenyereza w’umugwi wa Flambeau du centre Ferouz Haruna yagira isanganya ari kw’ipikipiki yiwe.

Iryo sanganya akaba yarikoreye ahitwa kuri PAFE mu gihe yariko yerekeza mu mw’iherero w’umugwi wiwe wa Flambeau du centre mugihe isaha 13h30 uwo mugwi wari witezwe gutana mu mitwe na Inter Star .

Akaba yaciye ajanwa kw’ivuriro ry’abaganga batagira imbibe (Médecin Sans Frontiers) ashitseyo abanganga baramusuzumye basanga yakomeretse cane ku rutoke rwiwe ibishobora gutuma baruca umwanya n’umwanya.

Ferouz aganira na Indundi Sports yavuze y’uko muri kino gihe ameze neza kandi ashobora gusohoka mu bitaro kuri uyu wa gatatu.

“Ndashimira Imana kubona narokotse mw’isanganya nakoze meze neza abaganga barankurikiranye bambwira y’uko ata kibazo kinini naronse kiretse gukomereka cane ku rutoke ninayo mpamvu pampaye imisi itatu gusa kugira bakurikirane urwo rutoke nivyaba ngombwa ko baruca bazoruca”.

Kumvo z’isanganya yakoze ntiyashoboye kugaragara mu rukino rw’indwi ya 26 rwahuje Inter Star na Flambeau du centre , icegera ciwe AJB niwe yaciye amukorera mu ngata aba nk’umumenyereza mukuru w’umugwi wa Flambeau du centre.

Mukamenya y’uko urwo rukino rwahuje Inter Star na Flambeau du centre rwarangiye iyo migwi inganije igitsindo 1-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807