Inkino

FFB iragabisha imigwi yorya ibiturire mu nkino zisigaye ndetse n’abahagarikizi

 

Mu gihe hasigaye inkino zitatu gusa kugira ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league rirangire , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryatanze gasopo ku bantu bokora impinyayuro zijanye n’ibiturire, imyumvikano hagati y’imigwi kugira imwe imwe ishike ku ntsinzi ntikoroke mu cicaro ca kabiri canke ngo iyindi ifate ikibanza ca mbere ngo uwuzofatwa azohanwa .

Iryo shirahamwe risubira kandi rigahamagarira abasanzwe barongoye imigwi yo mu cicaro ca mbere , abakinyi ndetse n’abahagarikizi kwiyubara kugira ntibahabwe ibihano bidasanzwe.

Umugwi ujejwe abahagarikizi muri FFB ndetse n’uwutwara igisata c’amahiganwa wasabwe gukurikirana neza abahagarikizi bazohagararira izo nkino zisigaye.

Ivyo vyose tukaba twabisomye mw’ikete uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Réverien Ndikuriyo yandikiye abatwara imigwi yose yo mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus legaue .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037